Uko wahagera

RDC: Abakekwa Kuba Intagondwa z'Abayisilamu Bishe Abantu Umunani


Bunia DRC
Bunia DRC

Abikekwa ako ari intagondwa z'abayislamu bishe abantu 8 mu gitero bakoze kw'isoko iri mu mihana yo mu buraruko bwa Republika ya Demokrasi ya Congo.

Ico gitero, cabaye uno musi ku wa gatatu, cagirijwe abarwanyi b’umurwi, “Allied Democratic Forces”, ADF mu mpfunyapfunyo.

Umurwi ADF, ukorera mu buseruko bwa Kongo kuva mu myaka yo mu 1990, warakoze ibitero vyo kwihora vyihaye inkumbi mu basivile kuva igisirikare ca reta gitanguye ibitero vyo kuwurwanya mu mwaka w’i 2019. Wagirijwe iyicwa ry’abantu barenga 140 kuva uyu mwaka w’i 2021 utanguye mu bitero vyabaye mu buseruko bw’igihugu.

Umurwi ADF warishe abantu 850 mu mwaka uheze nk’uko bishikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Gili Gotabo, akorera rimwe mu mashirahamwe aharanira agateka ka muntu mu buserurko bwa Congo avuga ko abarwanyi b’uwo murwi binjiye mu mihana y’ahitwa Mambelenga mu karere ka Irumu ku mutaga wo ku musi wa kabiri, batangura kurasa abantu. Babiri mu bakoze ico gitero barahasize ubuzima.

Umuvugizi w’igisirikare ca Congo yemeje ico gitero cabereye mu karere ka Mambelenga, kari hagati y’ibisagara vya Bunia na Beni, mu buseruko bw’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG