Abimukira bashika 39 bapfiriye mu mazi kuri uyu wa kabiri, igihe ubwato bubiri barimwo bwibira ku ruhande rwa Tuniziya. Ni mu gihe ibitigiri vy’abantu biroha muri izo ngendo zitoroshe bagana ku mugabane wa Bulaya bibandanya vyiyongera.
Abatabara barashoboye kurokora 165 muri ubwo bwato babakura mu mazi bakiri bazima.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Tuniziya, Mohamed Zekri, yavuze ko ibikorwa vyo kurondera abandi vyabaye birahagarikwa kubera ikiyaga carimwo imipfunda myinshi kandi bwari bwije.
Icatumye ubwo bwato buzama nticashotse kimenyeshwa. Ariko ubwato bwanduruka buva mu buraruko bwa Afrika bugana ku mugabana wa Bulaya buba bupakiye abantu benshi kandi bwikika ijoro kugira abasirikare ntibabubone.
Ikigo ca ONU cita ku mpunzi, HCR, kivuga ko hagati y’itariki 1 y’ukwezi kwa mbere n’itariki 7 y’ukwezi kwa gatatu, abimukira barenga 5 680 bashitse ku nkengera z’Ubutaliyani mu buryo buteye kubiri n’amategeko.
Facebook Forum