Uko wahagera

Ubugiriki Bwagiriza Turukiya Guta Ubuzima bw'Impunzi mu Kaga


Ubwato bw'abasirikare b'Ubugiriki bufashe ubwato bw'abimukira hafi y'izinga rya Lesbos, buvuye muri Turukiya, kw'italiki ya 1ukwezi kwa gatatu, 2020.
Ubwato bw'abasirikare b'Ubugiriki bufashe ubwato bw'abimukira hafi y'izinga rya Lesbos, buvuye muri Turukiya, kw'italiki ya 1ukwezi kwa gatatu, 2020.

Ubugiriki bwaneguye Turukiya kubona yasunikiye abasaba ubuhungiro mu mazi yabwo, bituma ubuzima bw'abo bantu buja mu kaga, igihe baba bariko bagerageza kwinjira mu Bulayi. Ubugiriki buvuga ko ingendo nk’iyo ya Turukiya yerekana ko ico gihugu cananiwe kwubahiriza amasezerano cumvikanye n’Umuryango w'ubumwe bwa bulaya yo guhagarika abimukira batubahiriza amategeko.

Umushikiranganji w’Ubugiriki ajejwe abimukira, Notis Mitarachi, ashikirije ibi inyuma y’aho abasirikare bajejwe gukizura mu mazi batoreye ibiziga vy’abagore babiri, umwe muri bo yari afise imyaka 30. Bazamye mu mazi inyuma y’aho ubwato bwarimwo abantu 32 bwibiriye mu mazi agabura ivyo bihugu bibiri.

Abimukira barokotse, barimwo abana batatu, bari abanyesomaliya, barobwe mu mazi yo mw’izinga rya Lesbos.

Uwo mutegetsi w’Ubugiriki avuga ko abategetsi ba Turukiya banse gutabara ubwo bwato bwariko busaba imfashanyo kandi bwarimwo abimukira b’abanyesomaliya. Si ubwa mbere ivyo bihugu vyagirizanije.

Mu mezi aheze, Ubugiriki na Turukiya vyakunze kwagirizanya gukoresha uburyo buteye kubiri n’amategetso ku mpunzi kandi bakazifata nk’inyamaswa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG