Uko wahagera

Abimukira Bashika 74 Bapfiriye muri Mediterane ku Nkengera za Libiya


Impunzi n'abimukira batabawe muri Mediterane bariko berekeza mu Bulayi.
Impunzi n'abimukira batabawe muri Mediterane bariko berekeza mu Bulayi.

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku mpunzi n’abimukuri, OIM cavuze kuri uyu wa kane ko abimukira bashika 74 bapfuye bari mu bwato ku nkengera z’amazi ya Libiya.

OIM yavuze ko abasirikare ba Libiya bagenzura mu mazi hamwe n’abarovyi bashoboye gutabara 47 bongera babazana ku nkengera z’ibahari.

Ubwo bwato bwari butwaye abimukira barenga 120, barimwo abana, igihe bwibira ku nkengera z’amazi ku ruhande rwa Libiya, icambu abanyafrika bacamwo bariko bagerageza kwinjira ku mugabane wa Bulaya baciye mw’ibahari Mediterane.

Ubundi bwato hafi umunani bwaragaragaye muri iryo bahari Mediterane mu ndwi zitandatu ziheze. IOM yavuze ko abimukira hafi 900 bariko berekeza mu Bulayi baribiye muri uyu mwaka abandi 11 000 barahagarikwa bari mu mazi basubizwa muri Libiya.

Haruhande y’ivyo, ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi, HCR riragabisha ko Libiya atari ahantu heza abimukira bohungira igihe bananiwe kuja mu Bulaya.

Kuva mu 2011 habaye imyiyerekano muri Libiya, yarangiye uwahoze ari perezida w’ico gihugu Moammar Gadhafi, ico gihugu caciye kiba urwinjiriro rw’abimukira bava muri Afrika no mu buseruko bwo hagati bagana mu Bulaya.

IOM ivuga ko abantu hafi 20 000 bamaze gupfira mu mazi kuva mu 2014.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG