Uko wahagera

Abimukira 8 Bapfiriye mu Mazi Hafi ya Djibouti


Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira, OIM, rivuga ko abimukira umunani bapfuye abandi 12 baraburirwa irengero inyuma y’aho abari babatwaye babakuriye mu bwato ku nguvu hafi ya Djibouti.

Umuvugizi wa OIM, Yvonne Ndege, yavuze kuri uyu w’Imana ko abo bimukira bose bamuka muri Etiyopiya bari basubiye mw’ihembe rya Afrika. OIM ivuga ko vyabaye inyuma yo kunanirwa gushika muri Arabiya Sawudite bavuye muri Yemeni, kubera imbibe zugawe kubera ikiza ca Covid-19.

Ndege yavuze ko abari muri ubwo bwato bari 34 kandi ko bwariko bwerekeza mu gasagara ka Obock co muri Djibouti, aho ibihumbi vy’abimukira b’abanyafrika bo muri ako karere bama baca bariko bagerageza kwinjira mu kigobe c’abarabu.

OIM ivuga ko abimukira hafi 2 000 bamaze gushika muri Djibouti bavuye muri Yemeni mu ndwi zitatu ziheze, benshi batahuka mu bihugu vyabo vya Etiyopiya, Somaliya, n’ibindi bihugu vyo mu buseruko no mw’ihembe rya Afrika.

Mu kwezi kwa mbere 2019 hafi abimukira 58 bagizwe ahanini n’abamuka muri Etiyopiya barazamye mu bwato barimwo bava muri Djibouti berekeza muri Yemeni.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG