Uko wahagera

Ebola Imaze Guhitana Batanu muri Guineya


Ikigo kijejwe amagara y’abantu muri Guineya catangaje kuri uyu wa mbere ko abamaze kwicwa n’umugera wa Ebola bageze kuri batanu, mu gihe reta hamwe n’amashirahamwe y’abagiraneza batanguye gutororokanya ibikenewe kugira bahangane na wo.

Guineya yatangaje uwo mugera ku musi wa gatandatu, haheze imyaka itanu usasitse inganda muri ico gihugu co muri Afrika y’uburengero. Abantu barenga 11 300 barishwe na Ebola hagati y’imyaka y’2013-2016 mu bihugu vya Guineya, Liberiya na Sierra Leone.

Ibiro vya ONU muri Guineya vyavuze mu butumwa bwa Twitter ko indege ya mbere izanye abahinga hamwe n’ibikoresho vy’ubuvuzi yashitse mu gisagara ca Nzerekore kuri uyu wa mbere.

Umushikiranganji wa mbere, Ibrahima Kassory Fofana, yavuze ko Guineya yategekanije ibikenewe vyose vyo kurwanya uwo mugera kandi asaba abanyagihugu gukurikiza amategeko yo kwikingira no kutagira ubwoba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG