Uko wahagera

DRC: Uwugira Kabiri Yahitanywe na Ebola mu Kiringo c'Indwi Imwe


Abategetsi b'igihugu ca Kongo bemeje umuntu agira kabiri yapfuye ahitanywe n'ikiza ca Ebola mu buseruko bw'igihugu. Uwo mupfasoni w’imyaka 60 yitavye Imana ku musi wa gatatu mu karere k’ubuzima ka Biena nkuko bitangazwa n’umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu mu karere ka kivu yo mu buraruko, Nzanzu Syalita.

Abategetsi bajejwe amagara y’abantu bari bemeje uwundi mupfasoni afise Ebola ku musi w’Imana yari yaje ava mu mihana yo mu karere ka Biena. Yasandabiye mu karere ka Butembo.

Longs Mabanga, aserukira Bulamatari w’intara ya Kivu yo mu buraruko mu karere ka Biena yatangaje kuba abo bapfasoni 2 basanganywe Ebola vyatumye abantu batekerwa n’ubwoba bwinshi cane.

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu mu karere ka Kivu yo mu buraruko Nzanzu Syalita, yatangaje ko abantu baba mu karere ka Biena bakoze ku kiziga c’umupfasoni agira kabiri yahitanywe na Ebola imbere yuko gishingurwa. Ivyo bikaba vyongereza ubwoba ko ico kiza gishobora kuba carakwiragiye mu karere.

Mu gihe inkomoko y’ukwandura ico kiza kuri abo bapfasoni 2 itaramenyekana, umupfasoni wa mbere yapfuye yari umutambukanyi w’umugabo yarokotse kuri ico kiza, nkuko vyatangajwe na reta ku musi w’Imana

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG