Uko wahagera

Ebola Yongeye Kugaragara, Yica Umwe muri Kivu y'Uburaruko


Abakozi mu gisata c'amagara y'abantu bariko barapompa ku rugo rw'uwanduye Ebola, mu buseruko bwa RDC. Hari kw'itariki ya 27 y'ukwezi kwa cumi na kabiri, 2018.
Abakozi mu gisata c'amagara y'abantu bariko barapompa ku rugo rw'uwanduye Ebola, mu buseruko bwa RDC. Hari kw'itariki ya 27 y'ukwezi kwa cumi na kabiri, 2018.

Igihugu ca Republika ya demokarasi ya Congo kuri uyu w’Imana catangaje ko Ebola yongeye kugaragara mu gice c’ubuseruko, ahabonetse umugore umwe yahitanywe na yo. Ibi ni inyuma y’amezi atatu abategetsi b’ico gihugu batangaje ko ico kiza casezerewe.

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, Eteni Longondo, mu kiganiro yashikirije kuri Televiziyo y’igihugu, RTNC, yavuze ko Congo ibonye ikindi kiringo c’umugera wa Ebola muri zone y’ubuvuzi ya Biena, mu buraruko bw’intara ya Kivu y’uburaruko.

Uwo mushikiranganji yavuze ko uwo mukenyezi yapfuye yari umugore w’uwigeze kurokoka ico kiza. Yapfuye kw’itariki 3 y’uku kwezi kwa kabiri, inyuma y’aho basanze amaraso yiwe arimwo uwo mugera.

Republika ya demokarasi ya Congo yatangaje kw’itariki ya 18 y’ukwezi kwa cumi na kumwe, ko igice kigira 11 c’ico kiza gisezerewe. Ico gihe cahitanye abantu 55 kuri 130 banduye mu mezi atandatu, mu buraruko bushira uburengero bw’intara ya Equateur.

Iri garuka garuka rya Ebola mu buraruko bw’igihugu, aharangwa ubwicanyi bukorwa n’imihari yitwaje ibirwanisho, ribaye mu gihe ico gihugu gisanzwe guhanzwe n’umugera wa Corona.

Igihe Ebola yaheruka gutera ukundi gusha mu buseruko bwa Congo, hagati y’itariki ya 1 ukwezi kwa munani, 2018 na n’itariki 25 z’ukwezi kwa gatandatu, 2020, igihugu catakaje abantu 2 277.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG