Uko wahagera

Kongo Yemeje ko Ebola Yaheze mu Gihugu Cose


Dr. Eteni Longondo umushikiranganji w'amagara y'abantu muri DRC
Dr. Eteni Longondo umushikiranganji w'amagara y'abantu muri DRC

Republika iharanira Demokarasi ya Kongo yaraye yemeje ko ikiza ca Ebola cari kimaze iminsi carashinze imizi mu burasirazuba bw’ico gihugu caheze.

Umukuru w’ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu, OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, yakeje ico gihugu agisaba guca gishira inguvu mu kurwanya no gukumira ibindi biza bikigihanze birimwo virusi ya Corona n’agasama.

Ebola imaze gusinzikaza Kongo ku ncuro cumi. Incuro yanyuma yemejwe guhera mu kwezi kwa munani mu 2018, aho abajejwe amagara y’abantu muri ico gihugu bemeza ko kuva ico gihe yahitanye abababa ibihumbi bibiri n’amajana atatu.

Umushikranganji w’amagara y’abantu muri ico gihugu yemeza ko ico kiza caheze yavuze ko bitoroshe kuri ino ncuro kugituza kukocibasiye uburere buvugwamwo imirwi y’abitwaje ibirwanisho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG