Uko wahagera

Abantu Bane Bamaze Guhitanwa na Ebola muri Guinée-Conakry


Umwe mu bakekwa kwandura Ebola muri Guinee
Umwe mu bakekwa kwandura Ebola muri Guinee

Muri Guinée-Conakry, bane ni bo bamaze kumenyekana ko bahitanywe n’ikiza ca Ebola cari caratujijwe muri ico gihugu kuva mu 2016. Umushikiranganji ajejwe ivy’amagara y’abantu muri ico gihugu, Rémy Lamah, yabibwiye itororokinirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, avuga ko babiri mu bo cahitanye ari abanyagihugu bo mu karere kitwa Nzérékoré kari mu buseruko bwa Guinnee, abandi nabo bakaba ari abo mu kitwa Gouéké.

Umwe muri abo bo muri ako karere ka Gouéké ni umuforomakazi yanduye yongera yitaba Imana mu mpera z’ukwa mbere nkuko uwo mushikiranganji abandanya abivuga. Mu bagiye kumushingura, batatu bari mu bapfuye abandi bane bari mu bitaro.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Guinee bwemeza ko hari ingingo zafashwe zo gukumira iki kiza cari carigeze kwibonekeza muri ico gihugu kuva mu 2013 kugera mu 2016 gitujijwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG