Uko wahagera

Kazoza ka Trump mu Mugambwe w'Abarepublikani Ntikaramenyekana


Donald Trump ari kumwe n'icegera ca perezida hamwe n'abandi basenateri b'umugambwe w'abarepublikani muri Capitol
Donald Trump ari kumwe n'icegera ca perezida hamwe n'abandi basenateri b'umugambwe w'abarepublikani muri Capitol

Uwahoze ari Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump, asa n’uwahawe itike yo gusubira ku rubuga rwa politike inyuma y’aho sena ya Reta zunze ubumwe z’Amerika imwejeje. Yariko aburanwa yagizira kugumura abanywanyi biwe kuja kuburizamwo ibikorwa vy’abashingamateka bariko baremeza intsinzi y’umudemokrate Joe Biden.

Inyuma y’aho Sena imwejeje ku majwi 57 kuri 43 ku musi wa gatandatu, uwo yahoze ari perezida yavuze ko ataho araja muri politike. Ariko Trump ntiyatomoye nimba azokwongera kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu 2024.

Trump yavuze ko kuburanishwa impeachment ubugira kandi ari irindi hirwa burozi agiriwe muri kahise ka Amerika.

Yongeye ko igihe co kugira Amerika igihugu gikomeye Ubugira kandi ari ho kigitangura. Yavuze ko mu mezi ari imbere azosangiza abanyamerika imigambi y’urugendo rwiwe.

Umwe mu barepublikani bafise igihagararo gikomeye mu mugambwe w’abarepublikani, Senateri Lindsey Graham, wo muri reta ya Carolina y’ubumanuko, yavuze kuri uyu w’Imana ko Trump yiteguye gufata intambuko zo kwubaka umugambwe wabo no kwambura Sena hamwe n’inama nshingamateka abademokrate mu matora yo mu 2022 yo hagati ya manda.

Ariko Guverineri wa reta ya Maryland, umurepublikani Larry Hogan, yavuze ko umugambwe wabo ugiye kwinjira mu bihe vy’intambara mu myaka iri imbere, kuko hari ubwoba ko batagiye kuzongera gutsinda amatora yo ku kwego rw’igihugu kuko Trump yononye umugambwe.

Uwundi mu bafise igihagararo muri uyo mugambwe, Nikki Haley, yigeze kuba ambasaderi wa Amerika muri ONU kandi anugwanugwa ko ashobora kuzoba umukandida mu 2024, yavuze ko bakwiye kwemera ko Trump yabasubije inyuma. Avuga ko batari bakwiye kumukurikira no kumwumviriza kandi ko bidakwiye gusubira kuba ubugira kandi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG