Uko wahagera

USA: Abishwe na COVID-19 Bariko Barashikira Ibihumbi 400


ibiziga vy'Abishwe na COVID-19 mu gisagara ca New York
ibiziga vy'Abishwe na COVID-19 mu gisagara ca New York

Ibitigiri vy’abicwa n’umugera wa corona biriko biriyongera hafi muri bibiri vya gatatu vy’amareta yo muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, aho ibihe vy’imbeho igihugu kirimwo vyongereje ivyo bitigiri biriko bigana ku 400 000. Ni mu gihe abanyamerika bagabishwa ko hari uwundi mugera w’igisanira ca COVID-19 uza warashwaye mu gihugu.

Mu gihe kuri uyu wa mbere abanyamerika bari mu musi w’akaruhuko bibuka urupfu rwa Martin Luther King, buramatari wa reta ya New York, Andrew Cuomo yasavye abategetsi ba reta ku rwego rw’igihugu guhagarika ingenzi ziva mu bihugu vyagaragayemwo umugera ufitaniye isano na corona. Yavuze ko umaze kwibonekeza mu Bwongereza, Afrika y’Epfo na Bresil.

Utwigoro two gucandaga abanyagihugu muri Amerika twaratanguye ariko imyidogo yuko incanco zitaboneka bikwiye ni myishi. Ibiharuro biva muri reta bivuga ko incanco hafi imiliyoni 31 zimaze guhabwa abantu, ariko abari munsi ya miliyoni 11 ni bo bamaze guterwa igice ca mbere c’urucanco.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG