Uko wahagera

CPJ: Umwaka wa 2020 Wafunzwemwo Abanyamakuru Benshi kw'Isi


Abashigikiye umunyamakuru wo muri Somaliya yafunzwe Abdiaziz Ahmed Gurbiye, basaba ko arekurwa
Abashigikiye umunyamakuru wo muri Somaliya yafunzwe Abdiaziz Ahmed Gurbiye, basaba ko arekurwa

Ukwigenga mu kumenyeshamakuru kurabangamiwe kw’isi nzima, mu gihe abategetsi bafashe ingendo yo kunumya abanyamakuru bashikiriza ivyo badashaka mu kubapfunga, nkuko ishirahamwe ryishinze gukingira abanyamakuru, Committee to Protect Journalists, CPJ ribivuga.

Ishirahamwe CPJ rivuga ko abamenyeshamakuru 274 bari mu busho butandukanye kw’isi, aho ibihugu vy’Ubushinwa, Turukiya, Misiri na Arabiya Sawudite biza kw’isonga mu bihugu bitorohereza abanyamakuru. Ibaye imyaka itanu yikurikiranya hatangwa raporo z’abamenyeshamakuru barenga 250 bapfunzwe.

Umuyobozi w’igisata kivugira abahohotewe muri CPJ, Courtney Radsch, avuga ko umwaka wa 2020 ubaye mubi cane mu biharuro vy’abanyamakuru bapfunzwe kuko wabayemwo ikiza ca Covid-19. Abanyamakuru bagirizwa ko baba bashikirije amakuru y’ibinyoma kuri uyo mugera. Avuga kandi ko ari bo bambere bafungwa mu bihe vy’imyiyerekano.

Muri uyu mwaka wa 2020, abamenyeshamakuru bashika kuri 34 barapfunze ku vyagirije vy’ibinyoma, benshi muri Misiri aho ibiharuro vyerekana ko 22 kuri 27 bagirijwe ivyo batakoze.

Muri Irani, abamenyeshamakuru 15 barafunzwe bahorwa akazi kabo. Umwe muri bo ni Roohollah Zam, yishwe ku musi wa gatandatu i Teherani ahorwa ngo yahamagariye abanyagihugu kugarariza ubutegetsi mu 2017.

Stephane Dujarric, umuvugizi w’umunyamabanga mukuru wa ONU, yavuze kuri uyu wa kabiri ko António Guterres atewe impungenge n’ibiri muri iyo raporo y’iryo shirahamwe ryishinze gukingira abamenyeshamakuru, CPJ.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG