Uko wahagera

Uganda: Abanditsi n'Abamenyeshamakuru Bakomeje Guhohoterwa


Inzego zijejwe gukingira umutekano muri Uganda zagirizwa guhohotera abanditsi n’abamenyeshamakuru muri bino bihe ico gihugu kiriko cerekeza mu matora yo mu 2021.

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe gukingira abamenyeshamakuru, CPJ, ryemeza ko amatohoza ryakoze yerekana n'imiburiburi abamenyeshamakuru n’abanditsi 10 bamaze guhohoterwa kuva uno mwaka ugitangura.

Umuce w’ababangamiwe ni abandika amakuru canke ibitabo vyerekana ibitagenda neza mu butegetsi bwa Kaguta Yoweri Museveni amaze imyaka 34 ku butegetsi nkuko iryo shirahamwe ribisigura. Umwe mu banditsi batanzwe ko akarorero yivugiye ubwiwe ko yamaze iminsi itanu ahohotererwa mu nyubakwa z'ubushikiranganji bujejwe umutekano.

CPJ yemeza ko hari abamenyeshamakuru muri ico gihugu bayibwiye ko ubu, ugukora uwo mwuga mu mwidegemvyo bisa nk’ukwiheba. Iryo shirahamwe ryabajije abajejwe ivyo bibazo barimwo uwuvugira polisi, Fred Enanga, n’umushikiranganji wo gutanga amakuru ariko bose bahitamwo kutishura.

Amatora y’umukuru w’igihugu muri Uganda ategekanijwe mu ntango z’umwaka uza wa 2021. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bakomeje kwumvikanisha impungenge z’ukutazoshobora kuyiyamamariza bihagije. Basanga ingingo ya Reta ibuza amakoraniro kubera ikiza ca Virusi ya Corona izokoreshwa n’aho bidakenewe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG