Uko wahagera

CPJ: Gukwirikirana Imyiyerekano si Igikorwa Coroshe kw'Itangazamakuru


Umuyobozi nshingwabikorwa w'ishirahamwe rijejwe gukingira abamenyeshamakuru kw'isi, CPJ, Joel Simon
Umuyobozi nshingwabikorwa w'ishirahamwe rijejwe gukingira abamenyeshamakuru kw'isi, CPJ, Joel Simon

Umuyobozi nshingwabikorwa w’ishirahamwe rijejwe gukingira abamenyeshamakuru kw’isi, “Comite pour la Protection des Journalistes”, CPJ mu mpfunyapfunyo, Joel Simon muvyo yanditse vyasohotse mu kimyamakuru, Columbia Journalism Review” yatangaje ko amajambo Prezida wa Amerika, Donald Trump akoresha atyoza itangazamakuru yagize ingaruka mbi.

Yariko yishura ku bitero vyakozwe ku bamenyeshamakuru bariko bakwikirirana imyiyerekanao mu bice bitandukanye vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu mpera z’indwi irangiye. Simon yavuze ko ikoreshwa ry’uburyo bw’igisirikare ry’igipoli mu gihe kiba kiriko gikora akazi kaco mu bice bitandukanye vy’igihugu n’ukugene igitigiri gitera ciyongera c’abari mu myiyerekano berekana ko badakunda abajejwe umwuga w’itangazamakuru vyatumye gukwikirana imyiyerekano kiba igikorwa gishobora kubaviramwo ibibazo bishobora kugeramira bikomeye ubuzima bwabo.

Simon avuga ko ivyo vyari bisanzwe binanibonekeza imbere ya Reta ihari muri iki gihe muri Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG