Uko wahagera

Ibitero vy'Indege z'Amerika Zishe aba Al Shabab 8 muri Somaliya


Ikarata ya Somaliya
Ikarata ya Somaliya

Ibi bitero bibaye haheze imisi mike Perezida Donald Trump ategetse ubushikiranganji bwo kwivuna abansi gukura muri Somaliya abasirikare nka bose 700 bari muri ico gihugu.

Igisirikare ca Reta zunze ubumwe z’Amerika cishe abagwanyi umunani b’umuhari w’iterabwoba wa al-Shabab, gikomeretsa abandi babiri mu bitero vy’indege cagavye kuri uyu wa kane muri Somaliya. Ibi vyatangajwe na Lt. Cmdr. Christina Gibson, avugira igisirikare c’Amerika ku mugabane wa Afrika, AFRICOM.

Nawe Gen. Stephen Townsend arongoye izo nteko yavuze ko Al shabab ikibandanya gahungabanya umutekano wa Somaliya kandi ikwiye guhanagurwa.

Iri tangazo rya AFRICOM rivuga ko ibitero bibiri vy’indege mu mihana y’i Jilib vyari bitumbereye akagwi k’iterabwoba kazwi ko kagize uruhara rukomeye mu gukora no gutega ibisasu biturika, harimwo ibitegwa mu modokari.

Uwo muhari w’iterabwoba ushamikiye kuri al-Qaida wagirizwa ibisasu bitegwa mu modokari bihitana ubuzima bw’abantu batari bake muri Somaliya uko umwaka utashe, barimwo abanyagihugu, abategetsi ba reta hamwe n’ahari abanyamerika.

Kubwa AFRICOM, al-Shabab yateze ibisasu hafi 45 mu modokari ku murwa mukuru Mogadishu wonyene kuva mu 2018, vyahitanye abantu barenga 400.

Igisirikare c’Amerika kivuga ko atabasivile bakomeretse canke bishwe muri iki gitero co kuwa kane.

Ibi bitero bibaye haheze imisi mike Perezida Donald Trump ategetse ubushikiranganji bwo kwivuna abansi gukura muri Somaliya abasirikare nka bose 700 bari muri ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG