Uko wahagera

Somaliya Isaba Amerika Kudatahukana Abasirikare Bayo


Abasirikare ba Reta zunze ubumwe z'Amerika i Mogadiscio, muri Somaliya.
Abasirikare ba Reta zunze ubumwe z'Amerika i Mogadiscio, muri Somaliya.

Abashingamateka hamwe n’abategetsi ba gisirikare muri Somaliya bavuga ko ikurwa ry’abasirikare ba Amerika muri ico gihugu, nkuko bisabwa na Perezida Donald Trump bishobora gusiga ico gihugu mu kaga no gusigira urubuga al-Shabab n’iyindi mirwi y’iterabwoba.

Senateri Ahmd Hashi, umunyamabanga wa komite ya sena ya Somaliya ijejwe ivya gisirikare yavuze ko iki atari igihe co gukura abasirikare b’Amerika muri Somaliya. Yavuze ko igihugu kiriko cinjira mu matora kandi ibikorwa vy’iterabwoba bishobora kwibonekeza.

Amatora y’abashingamateka muri Somaliya ategekanijwe mu mpera z’ukwezi kwa cumi na kabiri, ay’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu kwezi kwa kabiri.

Ikinyamakuru The New York Times candikira muri Amerika, muri iyi ndwi canditse ko Perezida Trump ategekanya gukura abasirikare nka bose b’Amerika 700 bariko batanga imyimenyerezo no kurwanya iterabwoba muri Somaliya. Ayo makuru avuga kandi ko Trump ategekanya kandi kugabanya abasirikare muri Afuganistani na Iraki.

Senateri Hashi, yahoze ari umutegetsi mu gisirikare ca Somaliya, yavuze ko gukura abasirikare b’Amerika muri Somaliya bishobora gusiga igisirikare ca Somaliya nk’impfuvyi.

Reta zunze ubumwe za Amerika yatanguye kugaba ibitero vy’indege kuri al-Shabab kuva ku ntwaro ya Perezida Barack Obama, ariko ivyo bitero vyarongerekanye kuva Trump atsinze mu 2017.

Kubw’ikinyamakuru The New York Times, umugambi wo gukura abasirikare b’Amerika muri Somaliya ushobora kudafata abasirikare bari hafi ya Kenya na Djibouti, ahari indege za drone zikora ibitero muri Somaliya.

Mu kwezi guheze, perezida wa Somaliya Mohamed Abdullahi Farmajo yasavye ko inteko za Amerika ziguma mu gihugu. Yavuze ko abanyamerika bafashije igihugu kurwanya al-Shabab, yongera abasaba kubandanya bafasha mu gucungera umutekano no kumenyereza abasirikare biwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG