Uko wahagera

Igitero c'Indege c'Amerika Cishe Intagondwa 7 muri Somaliya


Igisirikare ca Reta zunze ubumwe za Amerika ku mugabane wa Afrika, AFRICOM, cavuze ko cishe abarwanyi indwi bafitaniye isano n’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu mu gitero c’indege cakoze mu ntara ya Puntland ya Somaliya.

AFRICOM yatangaje kuri uyu wa gatatu ko bagikoze bihora igitero abo barwanyi bakozi ku nteko za Somaliya. Yavuze kandi ko ata musivile yakomeretse canke yapfuye muri ico gitero.

Kugeza ubu, Amerika imaze kugaba ibitero vy’indege 42 ku bakora iterabwoba aho umwaka ugeze ubu muri Somaliya.

Abategetsi b’iyo ntara na bo batangaje ko bishe abarwanyi 20 b’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu mu kindi gitero cabereye mu buseruko bw’intara ya Bari. Bemeza ko abategetsi babiri bakomeye b’abo barwanyi bahasize ubuzima.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG