Uko wahagera

USA Irasaba Imbabazi ku Bitero Vyahitanye Abasivile muri Somaliya


Abavukanyi begeranya uwabo yahitanwe n'igitero ca reta ya Somaliya ifashijwe na Amerika, mu ntara ya Lower Shabelle, Kw'itariki 25/09/2017.
Abavukanyi begeranya uwabo yahitanwe n'igitero ca reta ya Somaliya ifashijwe na Amerika, mu ntara ya Lower Shabelle, Kw'itariki 25/09/2017.

Ibiro bikuru vy’igisirikare ca Amerika mu karere ka Afrika, AFRICOM vyatangaje muri raporo yashizwe ahabona uno musi ku wa mbere ko ibitero vy’indege z’igisirikare ca Amerika vyabaye mu kwezi kwa kabiri mu mwaka w’i 2019 vyahitanye abasivile 2 bikomeretsa abanda 3.

Jenerali, Stephen J. Townsend ayoboye AFRICOM, atangaza ko bibabaje kubona abasivile 2 barapfuye abandi 3 bagakomereka mu bitero vyabaye ico gihe. Avuga ko bubaha cane bagenzi babo b’abanyasomaliya, ko basavye imbabazi bivuye inyuma ku vyabaye.

Stephen J. Towsend avuga ko mu bisanzwe bakora ku buryo batageramira abasivile, yamara ko mu gihe bishitse amakosa agakorwa bazoyemera.

Bubaye ubwa kabiri ibiro AFRICOM vyemeza ko abasivile bishwe mu bitero vy’indege z’ingwano za Amerika muri Somaliya.

Ivyatangajwe n’ibiro AFRICOM bibaye mu gihe ibitero vy’indege z’ingwano za Amerika ku barwanyi b’umurwi al-Shabab ukorana n’umurwi al-Qaida biriko vyiyongera muri uyu mwaka umuntu abigereranije n’ibitero vyabaye mu mwaka urangiye w’i 2019.

Hamaze kuba ibitero incuro 39 vy’indege z’ingwano za Amerika gushika ubu muri uyu mwaka w’i 2020 umuntu abigereranije n’ibitero 63 vyabaye mu mwaka wose w’i 2019.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG