Uko wahagera

USA: Biden Yagenye Abategetsi Bakuru mu Gisata c'Ubutunzi


Janet Yellen

Perezida yatowe Joe Biden kuri uyu wa mbere yagenye abategetsi bakuru bazohangana n’ibibazo vy’ubutunzi bwasubijwe inyuma n’ikiza ca COVID-19. Muri bo harimwo Janet Yellen, umupfasoni wa mbere agiye kuzorongora ubushikiranganji bw’ikigega mu myaka 231 ubwo bushikiranganji bumaze.

Haruhande yiwe, Biden yagenye Neera Tanden, asanzwe arongoye ikigo c’ubushakashatsi “Center for American Progress”, kuba umuyobozi w’ikigo kijejwe gutunganya ibikorwa vya reta n’amafaranga reta ikoresha. Mu gihe yokwemezwa na sena, Tanden azoba abaye umukenyezi wa mbere atari umuzungu arongoye ico kigo.

Biden kandi yagenye Wally Adeyemo, umutegetsi yanonosoye ivy’ubutunzi, ngo azobe icegera ca Janet Yellen. Adeyemo azoba abaye umwirabure wa mbere w’amamuko muri Afrika agenwe mu rwego rwo hejuru mu bushikiranganji bw’ikigega.

Perezida yatowe yagenye kandi umupfasoni Cecilia Rouse, yanonosoye ivy’ubutunzi ngo azomubere umukuru w’akanama k’abahanuzi muvy’ubutunzi muri White House. Azoba abaye umwirabure wa mbere n’umukenyezi agira kane ahawe ico gikorwa.

Biden yahisemwo kandi abandi babiri banonosoye ivy’ubutunzi– Jared Bernstein na Heather Boushey kuzoba mu kanama kajejwe ivy’ubutunzi.

Biden yavuze ko abo ari bo bazotanga imfashanyo zihuta zijanye n’ubutunzi ku banyamerika muri iki gihe ca COVID-19 no gufasha kunagura ubutunzi bugasubira uko bwamye.

Ku musi w’Imana, Biden hamwe n’uwuzoba icegera ciwe, Kamala Harris bahisemwo abakenyezi gusa kuba ari bo bazoba mu murwi w’igisata co kumenyeshamakuru muri reta.

Biden kuri uyu wa mbere, yatanguye kuza arabwirwa ingene ivy’igihugu vyifashe, yongera ahabwa uburenganzira ku maraporo ategurwa n’ibigo bijejwe iperereza n’umutekano mu gihugu hagati, ku bibazo bishobora guhungabanya umutekano wa Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG