Uko wahagera

Joe Biden Yatanguye Kugena Abagize Reta Yiwe


Joe Biden watorewe uba Perezida w'Amerika
Joe Biden watorewe uba Perezida w'Amerika

Joe Biden yatowe kuba prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika avurwa ko yahisemwo umwe mu bahanuzi biwe bakomeye cane mu vyerekeye imigenderanire, Antony Blinken kuba umushikiranganji jejwe imigenderanire 

Antony Blinken afise imyaka 58 muri iki gihe amaze imyaka 20 ari mu bafata ingingo ku bibazo bijanye n’imigenderanire. Avurwa kandi ko yumvikana na Biden ku ruhara rukomeye Amerika itegerezwa kugira mu bibazo vyerekeye amakungu.

Mu misi ya mbere akimara kurahira mu mabanga yiwe ya prezida, Joe Biden ategekanya guhindura imigambi ya Prezida Trump n’ugusubira mu masezerano y’i Paris ajanye n’ihindagurika ry’ibihe hamwe n’uguhagarika ukuva kwa Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS. Ategakanya kandi kwifatanya n’ibindi bihugu mu masezerano mpuzamakungu agenewe guhagarika umugambi w’igihugu ca Irani w’ugukora ibirwanisho ruhonyanganda.

Uwatorewe kuba perezida w’Amerika, Joe Biden, ategekanya kandi kugena abandi bategetsi 2 bamenyereye ivyerekeye imigenderanire. Abo ni Jake Sullivan na Linda Thomas-Greeenfield. Sullivan ategekanywa kuba umuhanuzi mu vyerekeye umutekano w’igihugu mu gihe Greenfield ategekanywa kuba ambasaderi wa Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Bitegekanijwe ko Biden agena abazogira reta yiwe 3 ejo ku musi wa kabiri

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG