Uko wahagera

Cote d'Ivoire mu Nzira yo Kuronsa Gbagbo Pasiporo yo Gutahuka


Laurent Gbagbo yahoze ari perezida wa Cote d'Ivoire imbere ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha i La Haye mu Buholande. Italiki 15/01/2019.
Laurent Gbagbo yahoze ari perezida wa Cote d'Ivoire imbere ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha i La Haye mu Buholande. Italiki 15/01/2019.

Reta ya Cote d’Ivoire yavuze kuri uyu wa gatatu ko iriko irategura guha urupapuro rw’inzira rwa paseporo uwahoze ari perezida w’ico gihugu Laurent Gbagbo, inzira yugurura umuryango w’itahuka ryiwe mu gihugu.

Itahuka rya Gbagbo ni kimwe mu biriko biraganirwa hagati ya reta n’abatavuga rumwe nayo, gushika ubu bataremera intsinzi ya perezida Alassane Ouattara, inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu yo kuwa 31 ukwezi kwa cumi.

Gbagbo, w’imyaka 75, ari mu Bubiligi aho arindiriye ingingo ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI ku vyaha vyakozwe mu ntambara yadutse muri Cote d’Ivoire inyuma yo kwanka kwemera ivyavuye mu matora yo mu 2010.

Umuvugizi wa reta, Sidi Tiemoko Toure, yavuze ko guha paseporo Gbagbo vyizwe mu nama y’abashikiranganji.

Inyuma yo kwirukanwa n’abasirikare bayoboka Ouattara, Gbagbo yagumanye igihagararo muri Cote d’Ivoire, ariko yarabujijwe na sentare nkuru y’igihugu kwiyamamariza amatora yo mu kwezi guheze.

Umushingwamanza wiwe, Habiba Toure, yagirije reta ya Cote d’Ivoire kwima Gbagbo paseporo kugira ntatahuke kwitoza mu matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG