Uko wahagera

Kandidatire ya Gbagbo mu Matora muri Cote d'Ivuware nta Mahirwe Ihabwa


Uwahoze ari perezida wa Cote d'Ivuware, Laurent Gbagbo muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, i Lahaye mu Buholande. kw'itariki 15/01/2019
Uwahoze ari perezida wa Cote d'Ivuware, Laurent Gbagbo muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, i Lahaye mu Buholande. kw'itariki 15/01/2019

Abanywanyi b’uwahoze ari perezida wa Cote d’Ivuware, Laurent Gbagbo, asanzwe aba mu Bubiligi inyuma yo kuburanishwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, hamwe n’uwahoze arongoye abarobeli Guillaume Soro, kuri uyu wa mbere batanze dosiye zabo za kandidatire yo mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kw’icumi.

Bompi uko ari babiri bazitanze mu gihe basanzwe barankiwe na komisiyo y’igihugu ijejwe amatora kwitoza kuko sentare z’igihugu zabegetseko ivyaha, kandi bisa nuko ata mahirwe bafise ko sentare y’igihugu yubahiriza ibwirizwa shingiro izokwemera izo kandidatire.

Perezida Alassane Ouattara, w’imyaka 75, hamwe n’uwahoze ari perezida, Henri Konan Bedie, w’imyaka 86, baratanze dosiye zabo mu ndwi iheze.

Amatora yo kuwa 31 ukwezi kw’icumi azoba inyuma y’imyaka habaye uruhagarara rwa politike rwakurikiwe n’intambara y’abenegihugu. Amahirwe yuko Gbagbo agaruka ku rubuga rwa politike mu gihugu ni menshi.

Igihugu ca Cote d’Ivuware kiracafise ubwoba bw’intambara yabaye inyuma y’amatora yo mu 2010, igihe Gbagbo yanka guha ubutegetsi uwatsinze, perezida w’iki gihe Alassane Ouattara. Abantu hafi 3 000 barahasize ubuzima.

Umukuru wa komisiyo yigenga ijejwe gutunganya amatora, Ibrahime Coulibaly-Kuibiert yavuze ko uwo wese yaciriwe urubanza na sentare adashobora guhiganwa mu matora.

Gbagbo, yaciriwe igifungo c’imyaka 20 atahari mu kwezi kw’icumi na kumwe guheze, ku busuma bwabaye mw’ibanki y’ibihugu vyo muri afrika y’uburengero I Abidjan mu bihe vy’uruhagarara rwa politike rwabaye inyuma y’amatora.

Ashobora guca afatwa agafungwa mu gihe yohonyoza ikirenge muri Cote d’Ivuware.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG