Uko wahagera

Laurent Gbagbo Agabisha Akajagari mu Matora ya Cote d'Ivoire


 Laurent Gbagbo yahoze ari Perezida wa Cote d'Ivoire
Laurent Gbagbo yahoze ari Perezida wa Cote d'Ivoire

Laurent Gbagbo yahoze ari prezida wa Cote d'Ivoire aragabisha ko ibintu bishobora kuba nabi bikomeye mu matora azoba ku musi wa gatandatu w'iyi ndwi muri ico gihugu.

Mu kiganiro cashikirijwe uno musi ku wa kane na televiziyo y’Ubufransa, TV Monde, Gbagbo yavuze ko ibintu bishobora kuyanzara, ko ari co gituma ariko arasemerera kugira habe ibiganigo kugira igihugu ntikije mu kaga.

Ico kiganiro Gbagbo, afise imyaka 75 muri iki gihe, yagitangiye mu Bubiligi aho arindiye ibiva mu rubanza rwiwe rufafiye ku ngwano yadutse mu gihugu ciwe kubera yanse kwemera ko yari yatsinzwe mu matora yo mu mwaka w’i 2010.

Yakuwe ku butegetsi ku nguvu n’inteko zari zishigikiye Alassane Ouattara, ariko arondera ikiringo kigira gatatu mu buryo budahuriweko na bose mu gihugu. Gbagbo aracafise abantu batari bake bamushigikiye muri Cote d’Ivoire. Yamara sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro mu gihugu yaramuziririje guhiganwa mu matora ku mpavu zijanye n’amategeko.

Sentare muri Cote d’Ivoire yamuciriye urubanza atariho ari rw’ugupfungwa imyaka 20 mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka uheze ku bijanye n’isahurwa ry’amafranga y’ibanki nkuru y’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero mu gihe c’uruhagarara rwo mu mwaka w’i 2010 n’umwaka w’i 2011.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG