Uko wahagera

Abayoboke ba Laurent Gbagbo Bazotanga Kandidatire Yiwe mu Matora


Uwahoze ari perezida wa Cote d'Ivuware, Laurent Gbagbo, muri CPI i LaHaye mu Buholande.
Uwahoze ari perezida wa Cote d'Ivuware, Laurent Gbagbo, muri CPI i LaHaye mu Buholande.

Abanywanyi b’uwahoze ari perezida wa Cote d’Ivuware, Laurent Gbagbo, bavuze kuri uyu wa gatatu ko bazorungika kandidatire yiwe guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu kw’izina ryiwe mu matora yo mu kwezi kw’icumi.

Gbagbo asanzwe aba i Bulaya inyuma yo kurekurwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI.

Amatora y’umukuru w’igihugu muri Cote d’Ivuware abonwa ko ashobora kubamwo uruhagarara rwa politike n’intambara y’abenegihugu nk’ivyabaye mu matora ahitiye.

Abantu bashika umunani baramaze kwicwa abandi hafi 100 barakomeretse mu mushamirano yabaye kuva Perezida Alassane Ouattara atangaje kw’italiki 8 y’ukwezi kwa munani ko azokwitoreza manda ya gatatu.

Urunani rushigikiye Gbagbo rwitwa Ensemble pour la Democratie et la Souveraineté rwavuze ko ruzotanga izina rya Laurent Gbagbo hisunzwe amategeko.

Abategetsi b’umugwi utunganya amatora baranse ko Gbagbo n’uwahoze ari umukuru w’abarobeli Guillaume Soro bemererwa guhiganwa mu matora.

Umukuru w’uwo mugwi, Coulibaly-Kuibiert, yavuze mu kwezi kw’indwi ko uwo wese yagirwa n’ivyaha atazoshirwa ku rutonde rw’abakandida.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG