Uko wahagera

Abiy Ahmed Yahaye Amasaha 72 Inteko za Tigre Zizobe Zishikanye


Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed
Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed

Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya yahaye ikiringo ntarengwa c’amasaha 72 kuva kuri uyu w’Imana, inteko z’intara ya Tigre zizobe zishikanye canke zizokwibonereko mu kugabwako igitero sindamusiga ku murwa mukuru w’iyo ntara, Mekele.

Umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed, yababwiye ko urugendo rwabo rwo gusambura ruriko rushika kw’iherezo, abasaba kwishikana mu mahoro. Yabibwiye indongozi z’umugambwe TPLF urongoye intara ya Tigre.

Igisirikare ca Etiyopiya kiri mu rugamba n’inteko zo muri Tigre kuva kw’italiki ya 4 ukwezi kwa cumi na kumwe, igihe Abiy Ahmed yarungika abasirikare ba Etiyopiya muri ako karere, inyuma yo kubagiriza gutera ikambi yaho ya gisirikare.

Abantu amajana baramaze kuhasiga ubuzima abandi ibihumbi bahungira muri Sudani kuva ico gihe.

Tigre iri mu ntara icenda za Etiyopiya. Uruhagarara rwatanguye muri iyo ntara kuva kw’itariki 9 z’ukwezi kw’icenda igihe iyo ntara yatunganya amatora inyuma y’aho Abiy Ahmed afatiye ingingo yo kuyunguruza, ku mvo z’ikiza ca COVID-19.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG