Uko wahagera

HCR Ihangayikishijwe n'Impunzi Zihunga Intara ya Tigre


Impunzi zamuka muri Etiyopiya zahunze imirwano mu ntara ya Tigre mu kambi ya Um Rakuba mu buseruko bwa Sudani, itariki 16/11/2020.
Impunzi zamuka muri Etiyopiya zahunze imirwano mu ntara ya Tigre mu kambi ya Um Rakuba mu buseruko bwa Sudani, itariki 16/11/2020.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi HCR rishikiriza raporo ko gushika ubu impunzi zirenga 27 000 zahunze imirwano iri mu ntara ya Tigre muri Etiyopiya zigana mu buseruko bwa Sudani. HCR ivuga ko zibaye impunzi za mbere mu bwinshi zihunze muri ako karere mu kiringo c’imyaka 20.

Abagore hafi 4 000, abana hamwe n’abagabo ni bo bajabuka urubibe rwa Etiyopiya bahungira mu buseruko bwa Sudani buri munsi. HCR ivuga ko abahunga imirwano bashika barushe kandi n’ubwoba bwinshi bw’ivyo bahuye navyo.

Ubuzima bw’abanyagihugu muri Tigre bwarahungabanye muri Tigre kuva aho reta ya Etiyopiya itanguriye ibitero vya gisirikare haraheze indwi zibiri. Reta ivuga ko kwabaye ukwishura ku gitero cakozwe n’abarwanyi b’umugambwe Front pour la Liberation du Peuple de Tigre ku kirindiro c’abasirikare ba reta.

Umuvugizi wa HCR, Babar Baloch yavuze ko ako karere kari mu kaga kubijanye n’ubuzima bw’abantu.

Mu gihe iriko irafasha impunzi muri Sudani, HCR iriko irafasha impunzi hafi 100 000 z’abo muri Eritreya ziba mu nkambi zine muri Tigre. Baloch avuga ko HCR itewe impungenge z’umutekano w’izo mpunzi mw’ikambi zegereye ibice birimwo intambara.

Avuga kandi ko hari ubwoba bw’uko impunzi zamuka muri Eritreya zishobora guhunga no gushwiragira kandi muri Etiyopiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG