Uko wahagera

Amnesty Ivuga ko Abasivile Bishwe mu Ntambara muri Etiyopiya


Igisagara ca Hamdayat muri Sudani ubu gihaye indaro ibihumbi vy’impunzi zahunze intambara mu ntara ya Tigre muri Etiyopiya. Mu bashika 8000 bashitse mu misi iheze harimwo abavyeyi n’abana bakivuka.

Iyo ntambara imaze kurenza indwi muri Etiyopiya hagati ya reta hamwe n’umugambwe uri ku butegetsi muri iyo ntara yatumye abantu barenga 20 000 bahungira muri Sudani, nkuko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryita ku mpunzi, HCR, ribivuga.

ONU hamwe n’ayandi mashirahamwe mu gihugu bavuze ko bariko barafasha abahunze iyo ntambara.

Iyo midugararo yatanguye mu ndwi iheze inyuma y’aho abarwanyi begamiye umugambwe TPLF uri ku butegetsi mu ntara ya Tigre batereye ikirindiro c’abasirikare ba reta. Reta ivuga ko abo barwanyi bariko bagerageza kwiba inkoho n’ibindi bikoresho. Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed yaciye ategeka ibitero vy’indege no kurungika abasirikare.

Mu gihe reta ya Etiyopiya ivuga ko ibitero vyayo bitumbereye ku barwanyi ba TPLF, uwo mugambwe wo uvuga ko ari intambara ku ntara ya Tigre.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Amnesty International rivuga ko ivyo bitero vyica abanyagihugu.

I Mai-Kadra, muri Etiyopiya, Amnesty International yavuze ko yatohoje abasivile baharurwa ku majana bicishijwe imbugita, amashoka n’imipanga. Amnesty ivuga ko abishwe ata ruhara bari bafise mu bikorwa vya gisirikare.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG