Uko wahagera

USA Yahanye Ikigo c'Umutegetsi Kizigenza wa Irani Ayatollah Ali Khamenei


Umukuru kizigenza wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei ashikiriza ijambo igihugu ku musi mukuru wa Eid al-Adha, i Teheran, muri Irani, kw'itariki 31/07/2020
Umukuru kizigenza wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei ashikiriza ijambo igihugu ku musi mukuru wa Eid al-Adha, i Teheran, muri Irani, kw'itariki 31/07/2020

Reta zunze ubumwe z’Amerika kuri uyu wa gatatu yafatiye ibihano bishasha Irani, bitumbereye ikigo casinzwe n’umutegetsi kizigenza, Ayatollah Ali Khamenei.

Ubushikiranganji bw’Amerika bujejwe ikigega bwavuze ko bwashize ku rutonde rwirabura ico kigo citwa Bonyad Mostazafan.

Bonyad Mostazafan ni ikigo c’abagiraneza kijejwe gifasha abakene n’abahohotewe. Amerika ivuga ko ubutunzi bwaco buva mu banyagihugu kandi bukoreshwa mu gutungisha uwo mutegetsi kizigenza wa Irani, Ali Khamenei, no guha ubushimwe abagenzi biwe muri politike no guhiga amareta badacana uwaka.

Ivyo bihano bitumbereye abantu 10 hamwe n’amashirahamwe 50 yegamiye ico kigo harimwo ibisata vy’ubutare n’ubutunzi, kandi ubutunzi bwavyo bwinshi muri Amerika bwafashwe.

Kuva atowe mu 2016, perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump yarakuye Amerika mu masezerano ya Nikleyeli na Irani yasinywe n’uwo yasubiriye Perezida Barack Obama yongera afata urukurikirane rw’ibihano ruhasha vyazingamitse ubutunzi bwa Irani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG