Uko wahagera

Amerika Yafatiye Ibihano Bishasha Igisata c'Ibitoro ca Irani


Ubwato bwa Irani butwaye igitoro muri Venezuela

Reta ya Perezida Donald Trump kuri uyu wa mbere yafatiye Irani ibihano bishasha mu gisata c’ibitoro, aho yahowe kugurisha muri Siriya na Venezuela ibitoro umurengera. Ibi ni mu ntumbero yo kugerageza kuzonaniza uwo bahiganwa mu matora, Joe Biden mu kuzibira inzira zose yogerageza kuzocamwo kugira atezure ibihano vyose vyafatiwe Irani mu gihe yotsinda amatora yo mu ndwi iza.

Reta ya Trump kuva mu 2018 iramaze gufatira Irani ibihano ruhasha bigamije guhagarika ibitoro Irani ishora mu mahanga, no kuzibira inzira zose ico gihugu coronkamwo amafaranga.

Muri ibi bihamo bishasha, reta ya Amerika yatumbereje ivyo bihano kumakompanyi atatu akorera mu gisata c’ibitoro.

Umushikiranganji w’Amerika w’imigenderanire n’amakungu, Mike Pompeo yavuze ko ibi bihano ari ukugabisha abandi bake basigaye bagurira ibitoro muri Irani. Yavuze ko ari intambuko ikomeye yo kugabanya ububasha bwa Irani bwo gutera ubwoba ibihugu bibanyi hamwe no guhungabanya akarere ko mu buseruko bwo hagati.

Umushikiranganji wa Irani w’ibitoro, Bijan Zanganeh, yavuze ko gufata ivyo bihano vyerekana ukunanirwa kwa Amerika muri politike yayo yo gushaka kuzingamika igisata c’ibitoro. Uwo mushikiranganji ari mu bakozweko n’ivyo bihano.

Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mohammad Javad Zarif, nawe yavuze ko Amerika igwaye ingwara yo gufata ibihano, kandi ko ari ingeso.

Mu gihe Trump yotsindwa mu matora yo kw’itariki 3 z’ukwezi kwa cumi na kumwe, vyoba bibaye ibihano vya nyuma afatiye abategetsi n'igihugu ca Irani.

Biden, mu gihe yotsinda, avuga ko azosubizaho dipolomasiya na Irani no gusubira mu masezerano Amerika yumvikanye n’ico gihugu ku ntwaro ya Perezida Barack Obama.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG