Uko wahagera

USA Yafatiye Ibihano Amashirahamwe 11 Atubahirije Ibihano kuri Irani


Umugabo arengana kw'ihinguriro ry'ibitoro mu ntara ya Khuzestan, mu bumanuko bwa Teherani, muri Irani
Umugabo arengana kw'ihinguriro ry'ibitoro mu ntara ya Khuzestan, mu bumanuko bwa Teherani, muri Irani

Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, ubushikiranganji bw’ikigega hamwe n’ubw’imigenderanire n’amakungu kuri uyu wa kane bwatangaje ibihano ku mashirahamwe 11 yo muri Irani, mu Bushinwa no muri Singapore. Bahorwa kugura no kugurisha ibihingurwa mu bitoro biva muri Irani mu guca kubiri n'ibihano vyafatiwe ico gihugu.

Haruhande y’ivyo bihano, ubushikiranganji bw’ubutungane bwatangaje ko Amerika yituye sentare yo muri Washington DC isaba kwigarurira ubwato bwa Irani bwarimwo inkoho bwafashwe bugiye muri Yemeni hamwe no kugurisha ibitoro vya Irani vyafashwe bigiye muri Venezuela mu mpisho.

John Demers, icegera c’umushikiranganji w’ubutungane ajejwe umutekano mu gihugu, yavuze ko ivyo birwanisho n’ibitoro vyari bigiye mu bihugu bibangamiye umutekano mu turere biherereyemwo. Yavuze ko Irani ibandanya kuza imbere y’ibindi bihugu mu gufasha iterabwoba no guhungabanya umutekano kw’isi.

Demers avuga ko Amerika yipfuza ko amafaranga azova muri ivyo bitoro bigurishijwe azofasha imiryango y’abanyamerika yagize ingaruka z’iterabwoba rikorwa na Irani.

Demers ko yavuze ko izi ngingo zerekana ugukorera hamwe n’abajejwe ubutungane kugira bahashe ibirwanisho, ibitoro, n’amafaranga bihanwahanwa hatisunze amategeko bivuye muri Irani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG