Uko wahagera

Igisirikare ca RDC Cemeza ko Cishe Abarwanyi 21 ba CODECO


Abasirikare ba FARDC i Djugu, muri Ituri, mu kwezi kwa mbere, 2020.
Abasirikare ba FARDC i Djugu, muri Ituri, mu kwezi kwa mbere, 2020.

Igisirikare muri Republika ya demokarasi ya Kongo gitangaza ko abasirikare babiri hamwe n’abarwanyi 21 bishwe mu mirwano yamaze imisi itatu mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu, mu ntara ya Ituri.

Igisirikare ca FARDC, cavuze ko cagavye igitero kuva ku musi wa gatanu ku barwanyi b’umuhari Cooperative pour le Development du Congo (CODECO).

Liyetena Jenerali, Philemon Yav, yavuze ko abasirikare babiri bishwe abandi bane barakomereka i Walendu Tatsi, mu buseruko bwa Bunia, umurwa mukuru w’iyo ntara.

Yavuze ko ako karere kaguye mu minwe y’abasirikare ba reta inyuma y’ibitero vyabandanije gushika kuwa mungu, bituma abantu batari bake bahunga mu mpera z’indwi.

Umuhari CODECO wari waremeye guhagarika ibitero ku bwoko bidacana uwaka inyuma y’aho Perezida Felix Tshisekedi arungikiye umurwi w’abahoze ari abakuru b’abarwanyi mu ntara ya Ituri mu kwezi kwa munani kuwugondoza.

Uwo muhari wagirizwa kwica abasivile baharurwa mu majana kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri 2017.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG