Uko wahagera

RDC: Abantu 11 Barishwe n'Abitwaje Inkoho muri Ituri


Umukongomani yashegeshwe n'indyane z'amoko ari ku bitaro bikuru i Bunia, mu ntara ya Ituri. Isanamu yafashwe kw'itariki ya 25/06/2019.
Umukongomani yashegeshwe n'indyane z'amoko ari ku bitaro bikuru i Bunia, mu ntara ya Ituri. Isanamu yafashwe kw'itariki ya 25/06/2019.

Abantu bitwaje inkoho barishe abantu 11 barimwo abaporisi batatu, abasirikare bane hamwe n’abarongozi mu ntwaro mu buraruko bushira ubuseruko bwa Repubulika ya demokarasi ya Kongo.

Abategetsi babishikirije kuri uyu w’Imana, kandi begetse ubwo bwicanyi ku muhari CODECO, Cooperative pour le Development du Congo, urwanira inyungu z’ubwoko bw’abalendu.

Uwurongoye teritware ya Djugu, Adel Alingi Mokuba, yashikirije ko abo bishwe bari mu modokari zibiri zaje ziva i Bunia, ku murwa mukuru w’intara ya Ituri, ku musi wa gatandatu kandi ko biciwe mu mihana y’ahitwa Matete.

Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku burenganzira bwa muntu ryagirije umuhari CODECO hamwe n’abandi barwanyi bo mu bwoko bw’abalendu kwica abanyagihugu bo mu bwoko bw’abahema kugira bigarurire ubutare buri muri iyo ntara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG