Uko wahagera

RDC: Umuhari CODECO Wemeye Guhagarika Ibitero muri Ituri


Umuhari witwaje ibirwanisho CODECO ukorera mu buseruko bwa Repubulika ya demokarasi ya Congo wemeye akamo watewe na Perezida Felix Tshisekedi ko guhagarika ibitero ku bwoko bacadana uwaka. Umuvugizi wawo, Basa Zukpa hamwe na reta babishikirije kuri uyu w’Imana.

Abategetsi ba ONU bamye bagiriza uwo muhari ubwicanyi bavuga ko buri mu murwi w’ivyaha bihohotera ikiremwa muntu. Abarwanyi b’umurwi CODECO, bava cane cane mu bwoko bw’abalendu, batunzwe n’uburimyi n’ubworozi, bakunze gutera imihana y’abahema batunzwe n’ubudandaji.

Umuvugizi wa CODECO, yavuze ko bahagaritse ubwicanyi nkuko perezida yabisavye.

CODECO uheruka kwagirizwa kwica abasivile 19 kw’italiki 9 z’ukwezi kwa munani mu mihana itatu iri mu buseruko bw’intara ya Ituri.

Uko guhagarika ubwicanyi kwateweko umukono biciye ku buhuza bw’abahoze ari abakuru b’imihari yitwaje ibirwanisho muri Ituri, barungitswe na Perezida Tshisekedi kugondoza umuhari CODECO ngo uhagarike ibitero.

Ishirahamwe ryishinze gukinga amatati kw’isi, International Crisis Group, muri raporo y’ukwezi guheze ryavuze ko kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri 2017, ubwicanyi mu ntara ya Ituri bumaze guhitana hafi ubuzima bw’abantu 1 000 bukura muvyabo igice c’umuliyoni.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG