Uko wahagera

Abaganira muri Libiya Basabwa Kudashira Inyungu Zabo Imbere


Intumwa ya ONU muri Libiya, kuri uyu wa mbere yahanuye impande zidacana uwaka kudashira imbere inyungu zabo bwite igihe bazohurira mu bindi biganiro mu kwezi kuza bigamije kurangiza intambara imaze imyaka cumi irenga isesa amaraso.

Igihugu ca Libiya kirangwamwo imihari yitwaje ibirwanisho, yiciyemwo amareta abiri adacana uwaka, iyemewe na ONU ifise icicaro i Tripoli hamwe n’iyo mu buseruko ishigikiwe na Khalifa Haftar.

Igihugu kibanyi ca Tuniziya gitegekanya kwakira ivyo biganiro mu ntango z’ukwezi kwa cumi na kumwe. Bizotumirwamwo abaserukira sosiyete sivile, abaserukira amoko, imigambwe ya politike hamwe n’abaserukira reta zibiri.

Intumwa ya ONU, Stephanie Williams, inyuma yo kubonana na perezida wa Tuniziya, Kais Saied, yavuze ko yipfuza ko abazokwitabira ivyo biganiro bashira imbere inyungu z’igihugu.

Iyo ntumwa ya ONU ivuga ko ivyo biganiro bitumbereye gutegura amatora.
Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makugu wa Tuniziya, Othman Jerandi, yavuze ko ivyo biganiro hagati y’abanyelibiya bishobora gushitsa ku nyishu ya politike ku ruhagarara rw’intambara iri mu gihugu.

Ibiganiro vyo muri Tuniziya bizotangura kw’itariki 26 z’ukwezi kwa cumi hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo, imbere yo kuzobandanya amaso mu yandi mu ntango z’ukwa cumi na kumwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG