Uko wahagera

Amerika Yipfuza Umuti wa Politike muri Libiya


Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Mike Pompeo
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Mike Pompeo

Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa kane yongeye gutera akamo isaba ko hatorwa umuti wa politike muri Libiya. Umushikiranganji w’Amerika w’imigenderanire n’ayandi makungu, Mike Pompeo yabibwiye umushikiranganji wa Misiri w’imigenderanire Sameh Shoukry. Uwo igihugu ciwe gishigikiye Khalifa Haftar arwanya reta ya Libiya yemewe na ONU.

Ibi biganiro hagati y’aba bategetsi babiri bajejwe imigenderanire bibaye mu gihe mugenzi wabo wa Turukiya, Mevlut Cavusoglu, igihugu ciwe gishigikiye reta ya Libiya ari mu rugendo i Tripoli.

Cavusoglu yavuze ko guhagarika imirwano bisigura ko reta ya Libiya yavuye mu mwumvikano igenzura ibice bifiswe na Haftar, aheruka gutakaza ibitari bike ariko akigenzura ubuseruko bwa Libiya.

Haftar ashigikiwe na Arabiya Sawudite, Misiri na Emirat zunze ubumwe z’Abarabu hamwe n’abacangero b’Uburusiya.

Perezidanse ya Amerika ku munsi wa kabiri yasavye ko abasirikare b’abanyamahanga bose basubira mu bihugu vyabo kugira amahoro aboneke muri Libiya.

Amerika yemera reta ya Tripoli ariko Perezida Donald Trump yarazazaniye benshi mu mwaka uheze mu gushemagiza Haftar.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG