Uko wahagera

Impande Zishamiranye muri Libiya Zemeye Guhagarika Intambara


Impande zari zimaze igihe zishamiranye muri Libiya zashize ibirwanisho hasi. Abayobozi b’imirwi yari ihanganye bavuze ko ingingo yo guhagarika imirwano yabo itangura kuja mu ngiro uno munsi.

Uruhande rwa Leta y’Ubumwe rufise icicaro ku murwa mukuru Tripoli rukaba runemewe n’amakungu, n’urwa Jenerali Khalifa Haftar rushigikiwe n’igice kinini c’inama nshingamateka, zumvikanye kandi ko hotunganywa amatora mu kwezi kwa gatatu k’umwaka uza.

Abakurikiranira hagufi amatati ya Libiya bavuga ko ugutunganya amatora yojamwo impande zose ariko bishobora kuzogorana kuko Libiya igikoresha ibwirizwa nshingiro ry’imbere y’itembagazwa ry’ubutegetsi bwa Kadhafi, bwanabaye inkomoko y’ano matati.

Naho iri uko, ONU yashimye intambwe izo mpande zose ziteye inyuma y’imishikirano y’urutavanako indongozi z’ibihugu bitandukanye zari zimaze iminsi zigirana n’aberwa n’amatati amaze imyaka yababa cumi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG