Uko wahagera

Ibisasu vya Roketi muri Iraki Biteye Ubwoba Ambasade z'Amakungu


Ibisasu vya roketi vyatewe kw’ikambi yo muri Iraki ikoreshwa n’abasirikare ba Reta zunze ubumwe za Amerika hafi y’ikibuga c’indege c’i Kurdistani, ku murwa mukuru w’intara ya Erbil, ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu.

Vyatewe inyuma y’aho umushikiranganji wa mbere wa Iraki, Mustafa al-Kadhimi abwiriye abadiplomate b’abanyamahanga ko igihugu ciwe kigiye guhagarika ibitero nk’ivyo. Uwo mushikiranganji kandi yavuze ko igabisha ry’Amerika ko ishobora kwugara ambasade yayo i Baghdad rizoba ikosha.

Abategetsi bajejwe umutekano i Kurdistani begeka ico gitero ku mirwi y’abarwanyi b’abashiite.

Abo bashiite bahakanye bavuga ko atari bo babikoze.

Umushikiranganji Al-Kadhimi yavuze ko ivyo bitero bitumbereye kuburabuza reta no kubuza kugarukana umutekano uhungabanywa n’imihari yitwaje ibirwanisho hamwe no gukumira Iraki mu gutera ubwoba amakungu ngo ave mu gihugu.

Umusesenguzi muri Iraki, Bassem Hussein, yavuze ko Irani iriko irungikira ubutumwa umushikiranganji wa mbere wa Iraki, Kadhimi ko adashobora gukingira ambasade z’abanyamahanga canke ibigo bijejwe umutekano atabifashijwemwo na Irani. Avuga kandi ko ari ukugabisha amareta y’abanyamahanga ko ambasade zayo zishobora guterwa i Kurdistani.

Komanda w’abarwanyi b’abashiite, Hadi al-Ameri aheruka kugabisha ko ariko arategura gutera ambasade ya Amerika i Baghdad. Abandi bategetsi b’abashiite bashigikiwe na Irani baragabishije kwigarurira iyo ambasade, igitero mu gihe coba coba gisa n’icabaye kuri ambasade y’Amerika i Teherani mu 1979.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG