Uko wahagera

Amerika Igiye Kugabanya Abasirikare Bayo muri Iraki


 Umukuru w’ibiro bikuru vy’igisirikare ca Amerika, Jenerali Frank McKenzie
Umukuru w’ibiro bikuru vy’igisirikare ca Amerika, Jenerali Frank McKenzie

Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatangaje ko izokura abandi basirikare bayo muri Iraki: Umukuru w’ibiro bikuru vy’igisirikare ca Amerika, Jenerali Frank McKenzie yabivugiye mu rugendo yagize muri Iraki uno musi ku wa gatatu.

Yavuze ko inteko za Amerika ziri muri Iraki zizogabanywa kuva ku 5,200 zigasigara ari 3,000. Yatangaje ko inteko zizosigara muri ico gihugu zizobandanya gufasha abanya Iraki kuzimanganya abarwanyi basigaye ba Reta ya Kiyislamu muri ico gihugu. Amenyesha ko iyo ngingo yafashwe kubera bishimiye ko inteko za Iraki zongereje ubushobozi bwazo bw’ukwigwanako.

Umwe mu bategtetsi bakomeye ba Amerika atashatse ko izina ryiwe ritangazwa yari yamenyesheje ko iyo ngingo isa n’iyizotangazwa mu mpera z’iyi ndwi. Reta Zunze Ubumwe za Amerika zifise inteko 5,200 muri Iraki zijejwe ibikorwa vy’ukurwanya iterabwoba hamwe n’ukumenyereza inteko z’igihugu ca Iraki.

Hari izindi nteko za Amerika 8,600 mu gihugu ca Afuganistani. Prezida wa Amerika, Donald Trump yari yatangaje ko ashaka guhagarika ivyo yise ingwano z’urutavanako za Amerika igihe yiyamamariza amabanga y’umukuru w’igihugu mu mwaka w’i 2016.

Mu kwezi guheze, yatangaje ko igikorwa c’ugukura inteko za Amerika muri Iraki cihutishijwe bihagije, ko arindiye igihe batazoba bagikeneye kuba bari muri ico gihugu. Yabitangaje igihe yariko yakira umushikiranganji wa ambere wa Iraki, Mustafa al-Kadhimi mu biro vyiwe.

Prezida Trump yavuze ko abanya Iraki bazoshobora kwirwanako mu nyuma yaho nkuko babigenjeje imbere yuko inteko za Amerika ziza muri ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG