Uko wahagera

Igisasu ca Roketi Cishe Abasivile 5 muri Iraki


Igisirikare ca Iraki, cavuze ko abana batatu hamwe n’abagore babiri bo mu muryango umwe bishwe kuri uyu wa mbere n’igisasu ca roketi catewe ku kibuga c’indege i Baghdad, ahari abasirikare ba Reta zunze ubumwe za Amerika.

Iki gitero ku nyungu za Amerika muri Iraki kibaye mu gihe Amerika igabisha ko ishobora kwugara ambasade yayo muri Iraki no gukurayo abasirikare bayo 3 000 mu gihe ivyo bitero vya roketi bitohagarara.

Ibi bitero vyatanguye haraheze hafi umwaka, ariko nta benshi vyahitanye. Iki co kuri uyu wa mbere ni co bivugwa ko cahitanye abantu benshi. Igisirikare kivuga kandi ko hari n’abandi bana babiri bakomeretse.

Nta muhari uraciyitirira.

Ibitero bihitiye nk’ibi vyahora vyemangwa n’umuhari witwa Murky ,wavuga ko uriko ubikora mu kwanka ko Amerika yigarurira Iraki.

Hagati y’ukwezi kwa cumiumwaka uheze n’ukwa ndwi uyu mwaka, ibitero vya roketi hafi 39 vyaratewe ku nyungu za Amerika muri Iraki. Kuva ico gihe, ibisasu vyababa ico gitigiri biramaze kwongera guterwa muri Iraki.

Igisata c’iperereza ca Iraki cegeka ivyo bitero ku kagwi gato k’abarwanyi bashigikiwe na Irani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG