Uko wahagera

Abasirikare 3 Mvamakungu Barishwe na Roketi muri Iraki


Umusirikare w'Amerika ariko acungera umutekano kuri ambasade y'Amerika i Baghdad muri Iraki
Umusirikare w'Amerika ariko acungera umutekano kuri ambasade y'Amerika i Baghdad muri Iraki

Abasirikare babiri b’Amerika hamwe n’uwundi umwe wo nteko mvamakungu barishwe abandi 12 barakomereka, inyuma yo guterwa ibisasu vya roketi kw’ikambi barimwo ya Taji mu buraruko bwa Baghdad muri Iraki.

Amakuru atangwa n’abategetsi b’Amerika na Iraki avuga ko ico gitero cabaye kuri uyu wa gatatu kandi cakozwe n’abarwanyi bakoresheje ikamyo bahinduye mu buryo bwo gutera za roketi.

Ibinyamakuru vyashikirije ko uwo wundi musirikare ari Umwongereza.
Abategetsi b’igisirikare c’Amerika bavuga ko hakiri kare kumenya umuhari wagirizwa ico gitero kandi ko amatohoza akibandanya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG