Uko wahagera

Amerika Yafatiye Ibihano Abashigikiye Reta ya Siriya


Ifoto ya Perezida wa Siriya Bashar al-Assad ku nyubakwa ya banki nkuru y'igihugu i Damas, yafashwe kuwa 24/02/2012.
Ifoto ya Perezida wa Siriya Bashar al-Assad ku nyubakwa ya banki nkuru y'igihugu i Damas, yafashwe kuwa 24/02/2012.

Igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika cafatiye ibihano amashirahamwe 13 hamwe n’abantu batandatu mw’isekeza ryo gukatira amasoko y’amafaranga reta ya Perezida wa Siriya Bashar al-Assad.

Ubushikiranganji bw’ikigega bwa Amerika bwavuze kuri uyu wa gatatu ko umukuru wa banki nkuru ya Siriya ari mubashizwe kuri urwo rutonde rwirabura. Abandi ni umukuru w’ikigo c’iperereza n’uwundi mugwizatunga yagirizwa gukorana na reta ya Assad.

Ubwo bushikiranganji buvuga ko amatungo yose abo bantu n’ayo mashirahamwe bafitiye muri Amerika afatwa kandi nta munyamerika yemerewe gukorana nabo ico cose cinjiza amafaranga.

Abo bantu hamwe n’ayo mashirahamwe bagirizwa kuba bari bafise uruhara rukomeye mu gufasha reta ya Perezida Assad.

Perezida Assad yatanguje guhama abakora imyiyerekano mu 2011, ivyabaye intango y’intambara hagati y’abenegihugu, aho Irani n’Uburusiya bifashe mu mugongo Assad, mu gihe Amerika ishigikiye abarwanya reta.

Iyo ntambara imaze gutuma amamiliyoni y’abanyesiriya bahunga igihugu abandi bahungira hagati mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG