Uko wahagera

HRW Isaba Gutohoza ku Bwicanyi bw'Agahomerabunwa muri Siriya


Ikarata y'igisagara ca Raqqa muri Siriya
Ikarata y'igisagara ca Raqqa muri Siriya

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku burenganzira bwa kiremwa muntu, Human Rights Watch risaba ko hakorwa amatohoza ku kibanza kiri mu buraruko bushira uburengero bwa Siriya ahoba haratawe ibiziga vy’abantu ibihumbi mu kiringo giharurwa mu myaka.

Human Rights Watch ryabishikirije muri raporo ryasohoye kuri uyu wa mbere ko ico kibanza kiri hagati mu misozi y’ahitwa al-Hota, kiri ku bilometero 85 mu buraruko bw’igisagara ca Raqqa.

Iryo shirahamwe rivuga ko abarwanyi b’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu wagenzuye ako karere hagati y’imyaka ya 2013 na 2015. Rivuga kandi ko muri Siriya hose, hari ibinogo rusangi birenga 20 vyahambwemwo ibiziga vy’abantu ibihumbi n'ibihumbi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG