Uko wahagera

Abantu 23 Bapfuye mw'Isanganya ry'Ikamyo y'ibitoro muri Nijeriya


Perezida wa Nijeriya, Muhammadu Buhari yavuze ko abantu 23, barimwo abanyeshure bapfuye igihe ikamyo yikoreye igitoro itembeye igaca yaka umuriro kuri uyu wa gatatu mw’ibarabara hagati mu gihugu.

Ibitigiri vya reta biruta incuro zitatu ku bantu 9 bari baharuwe n’abamenyeshamakuru bagendeye uburuhukiro bw’i Lokoja, ku murwa mukuru wa reta ya Kogi aho iryo sanganya ryabereye.

Amasanganya y’amakamyo arakunze kuba mu mabarabara adafashwe neza muri Nijeriya.

Perezida Buhari ahanura abakoresha amabarabara kwisunga ingingo z’umutekano kugira birinde amasanganya nk’ayo muri kazoza.

Umumenyeshamakuru yahashitse iryo sanganya rikiba yavuze ko iyo kamyo yariko iva mu gisagara ca Okene ija mu buraruko bw’igihugu igihe ifire yayo yanka gufata ishitse kw’ibarabara rikuru riva i Lokoja rija i Abuja.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG