Uko wahagera

Nijeriya: Abantu 50 Bapfuye Bashaka Gukura Ibitoro mw'Ikamyo Yaka


Reta ya Benue muri Nijeriya
Reta ya Benue muri Nijeriya

Abantu 50 bapfuye mu gihugu ca Nijeriya igihe ibitoro vyari mw’ikamyo yagize isanganya bariko bagerageza gukura muri iyo kamyo vyaka umucanwa.

Iyo nkuru yatangajwe uno musi ku wa kabiri n’umuvugizi wa bulamatari wa reta ya Benue iri hagati mu gihugu ca Nijeriya. Yasiguye ko abandi batari bake bakomeretse bikomeye, bakaba bajanywe mu bitaro.

Ibintu nk’ivyo biraba kenshi muri Nijeriya, naho ari gake igitigiri c’abapfuye kiba kiri hejuru nk’ivyabaye ku musi wa mbere.

Naho ibitoro bizimbutse muri Nijeriya, abantu batari bake babayeho mu bukene ntangere.

Mu kwezi kw’icumi mu mwaka uheze, abantu 60 barapfuye igihe umuringoti utwara ibitoro waturika ibitoro biwuvuyemwo bikaka umucanwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG