Uko wahagera

Amerika Yafatiye Ibindi Bihano Cuba


Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa gatatu yatangaje ibihano bishasha kuri Cuba, bigamije kuzibira iminyuro reta ya Cuba ikuramwo amafaranga.

Perezida w’Amerika Donald Trump yavuze ko ivyo bihano bibuza abanyamerika kuba mu nyubakwa zegukira reta ya Cuba no kuranguirra amatabi n’inzoga muri ico gihugu.

Trump yongeye gukaza ibihano vyari vyatezuwe n’uwamubanjirije, Barack Obama. Trump yatanguye gukomeza ibihano kuri Cuba mu kwezi gatandatu 2019.

Ubushikiranganji bw’ikigega muri Amerika, bwavuze ko Amerika yabujije abafata ingendo muri Cuba, mu ntumbero guhungabanya igisata ca bamukerarugendo muri iryo zinga.

Perezida wa Cuba, Miguel Diaz-Canel, yavuze ko reta ya Trump yabunzwe n’uburyarya, aho yariko ashikiriza ijambo mu nama ya bose ya ONU.

Ibi bihano bifashwe mu gihe Perezida Trump n’umukeba wiwe muri politike, Joe Biden bariko barondera kwigarurira amajwi menshi muri reta ya Florida, mu gihe hasigaye indwi zitandatu ngo amatora abe.

Reta ya Florida niho abahanuzi ba Perezida Trump bibaza ko gufatira ibihano bikomeye Cuba bishobora kwakirwa neza n’abanyagihugu b’aho benshi bamuka muri Cuba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG