Uko wahagera

Kompanyi ya Peterori muri Cuba Yafatiwe Ibihano n'Amerika


Umushikiranganji w'ikigega c'Amerika, Steven Mnuchin.
Umushikiranganji w'ikigega c'Amerika, Steven Mnuchin.

Reta zunze ubumwe z’Amerika zafatiye ibihano ishirahamwe ryo muri Cuba, ku kuba ryaraguze peterole ya Venezuela rirenga ku twigoro two kuremera perezida w’ico gihugu co muri Amerika yo mu bumanuko, Nicolas Maduro, ngo ave ku butegetsi.

Kompanyi ya Cuba, Cubametales ibandanya ifasha reta ya Venezuela, nkuko vyashikirijwe ejo kuwa gatatu n’ubushikiranganji bw’ikigega muri Amerika, biciye ku gisata kigenzura amatungo yo mu mahanga.

Gufatira ibihano kompanyi Cubametales bizohungabanya utwigoro twa Maduro kuko yari azeye uburaro n’uburamuko kuri Cuba kugira agume ku butegetsi, mu kuronka imfashanyo za gisirikare ku kiguzi c’ibitoro, nkuko vyashikirijwe n’umushikiranganji w’igigega w’Amerika, Steven Mnuchin mu kiganiro n’abamenyeshamakuru.

Amerika kandi yatangaje ejo kuwa gatatu ko ikuyeho ibihano vyari vyarafatiwe kompanyi y’ubwato y’Abataliyano itwara peterori. Yari yahanwe mu kwezi kwa kane ihowe gutwara ibitoro vya Venezuela muri Cuba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG