Uko wahagera

Intumwa 2 za Cuba muri ONU Zirukanwe ku Butaka bw'Amerika


Umushikiranganji wa Cuba ajejwe imigenderanire Bruno Rodriguez, hagati, akezwa na bagenzi we, Cuba ihejeje gukurwako ibihano na ONU.
Umushikiranganji wa Cuba ajejwe imigenderanire Bruno Rodriguez, hagati, akezwa na bagenzi we, Cuba ihejeje gukurwako ibihano na ONU.

Reta zunze ubumwe z’Amerika yarirukanye ku butaka bwayo abanya-Cuba babiri bari mu baserukira ico gihugu muri ONU, ibagiriza kuba bagerageza gukora ibikorwa bibangamira inyungu z’Amerika.

Ubushikiranganji bw’Amerika bujejwe imigenderanire ntibwashize ahabona amazina y’abo bantu babiri canke ngo butange amakuru y’ivyo bagirizwa kuba barakoze.

Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, Morgan Ortagus, yashikirije ko bakoresheje nabi uburenganzira bahawe bwo kuba ku butaka bw’Amerika. Yavuze kandi ko abasigaye muri uyo mugwi userukira Cuba muri ONU bazobuzwa kuja mu kibanza kiri mu gace ka Manhattan i New York, ahari icicaro ca ONU.

Umushikiranganji wa Cuba ajejwe imigenderanire n’amakungu, Bruno Rodriguez yise ico gikorwa co kubirukana ko kidasobanutse kandi kubagiriza ko baciye kubiri n’amabanga yabo ya kidipolomasiya ari igitutsi.

Imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri yongeye gutosekara ku butegetsi bwa Trump. Trump ababazwa nuko Cuba ishigikiye reta ya Maduro muri Venezuela.

Iyo migenderanire yari yarongeye kunagurwa ku ntwaro ya perezida Barack Obama, inyuma y’imyaka irenga 50 ivyo bihugu bidacana uwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG