Uko wahagera

USA: Abamaze Kwicwa na Covid-19 Bashitse ku 200 000


CORONAVIRUS-USA
CORONAVIRUS-USA

Igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa kabiri cashikanye abantu 200 000 bamaze kwicwa n’umugera wa corona. Ni mu gihe haharurwa indwi ngo abanyamerika bahitemwo nimba Perezida Donald Trump aguma ku ntebe y’ubutegetsi.

Ibiharuro bitangwa na Kaminuza Johns Hopkins yo muri Amerika vyerekana ko abanyamerika 200 005 bamaze gupfa hamwe n’abarenga imiliyoni 6 860 000 bamaze kwandura uwo mugera.

Amerika ni yo imaze amezi iri kw’isonga ry’ibindi bihugu kw’isi mu kuronka ibitigiri binini, igakurikirwa na Brezile ku 137 272 hamwe n’Ubuhindi ku 88 935 uwo mugera umaze guhitana.

Abanegura reta ya Perezida Trump bavuga ko yananiwe guhagarika iki kiza imbere y’amatora ategekanijwe kw’itariki 3 z’ukwezi kwa cumi na kumwe.

Umukeba wiwe muri politike, Joe Biden bazohiganirwa iyo ntebe yavuze kuri uyu wa mbere ko Amerika yatakaje abanyagihugu benshi kubera ububeshi n’ukunanirwa kurongora igihugu vyaranze cane cane amezi atandatu aheze.

Perezida Trump yizeye ko ibintu bigiye guhinduka muri Amerika igihe urukingo rwa Covid-19 ruzokwemezwa, kandi bizomuhesha amahirwe yo kwongera gutorwa. Yabwiye inama ya bose ya ONU ko hazotangwa incanco, ikiza kirangire, Amerika yinjire mu yandi mateka y’iterambere, imigenderanire n’amahoro.

Trump yavuze ko gushika mu kwezi kwa kane mu mwaka uza, abanyamerika nka bose bipfuza kwikingira bazohabwa urucanco.

Tom Frieden, yahoze arongoye ikigo c’Amerika kijejwe kugenzura no gukinga igwara, CDC, yavuze ko muri uyu mwaka Covid izoza ku mwanya wa gatatu mu vyica abanyamerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG