Uko wahagera

USA: Ikirangamisi co Gucandaga ku Buntu COVID-19 Ntibacumva Kumwe


Igeragezwa ry'Urucanco rwa COVID-19
Igeragezwa ry'Urucanco rwa COVID-19

Reta ya Amerika kuri uyu wa gatatu yashize ahagaragara umugambi wayo wiyaguye wo guha ku buntu abanyamerika bose urucanco rwa Covid-19, ariko abategetsi bamwe ntibabona kumwe ku kuntu urwo rucanco ruzoboneka vuba kuri bose.

Paul Mango, umutegetsi mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, yavuze ko abahinga muvyo amagara y’abantu biteze ko ikigo c’Amerika kijejwe kugenzura no kwemeza imiti n’ibifungurwa, FDA, kizokwemeza ko urwo rucanco rutangura guhabwa abanyagihugu mu mpera z’uyu mwaka wa 2020. Yavuze ko reta yagiranye amasezerano n’amakompanyi akora imiti kugira bakore incanco zikwiye kugira abanyamerika bose bazobe bacandazwe mu mpera z’ukwezi kwa gatatu umwaka uza.

Robert Redfield, arongoye ikigo gishinzwe gukinga no kurwanya indwara, CDC, yirinze gutanga ikirangamisi kuri urwo rukingo igihe yariko yishura ibibazo vy’abasenateri bijanye n’ivy’ico kiza ca corona.

Ikigo CDC cabwiye abategetsi bo mu gisata c’amagara y’abantu bo mumareta yose 50 agize Amerika gutangura kwitegurira ku kuntu bazokwirakwiza urwo rucanco guhera kw’itariki ya 1 ukwezi kwa cumi na kumwe. Abashirwa imbere y’abandi ni abakora mu gisata c’amagara y’abantu hamwe n’iyindi mirwi y’abantu nk’abageze muzabukuru n’abafise ibibazo vy’amagara,

Iyo tariki izoba isigaje imisi ibiri ngo habe amatora y’umukuru w’igihugu, aho umuperezida w’umurepubulikani, Donald Trump azohiganwa n’umudemokrate yahoze ari icegera ca perezida, Joe Biden. Perezida Trump yarasatiriye abategetsi ba reta ngo barangize igerageza ry’urwo rucanco vuba bwango.

Kaminuza John Hopkins y’aha muri Amerika ivuga ko Amerika ikiri kw’isonga ry’ibindi bihugu kw’isi aho abarenga 6 616 450 bamaze kwandura hamwe n’abarenga 196 340 umaze guhitana. Ni mu gihe kw’isi nzima ako karanda kamaze kwandukira abarenga 29 674 480 hamwe n’abarenga 937 110 bamaze gupfa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG